Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 14:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Abusalomu yishura Yowabu, ati N’uko nagutumyeko ng’uze hano ngutume ku mwami, ukanka; kwar’ ukugira ng’umumbarize icanzanye nkava i Geshuri; ut’ Iciza kwar’ uko yopfumye agumayo: none rero ndagomba kurenguka imbere y’umwami; kandi namba har’ ibigabitanyo mfise, apfume anyica.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 14:32
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo muntu aramwishura, at’ Umugore wampaye ngo tubane, ni we yampaye ku vya ca giti, ndarya.


Ariko Abusalomu we yari yahunze, aja ku mwami w’i Geshuri, Talumayi mwene Amihuri. Kandi Dawidi yamana akabonge k’umwana wiwe imisi yose.


Maze Yowabu aca arahaguruka aja kwa Abusalomu, aramubaza, ati N’iki catumye abantu bawe banturirira umurima?


uwa kabiri ni Kileyabu, uwo yavyaye kuri Abigayili, yahora ari muka Nabali w’i Karumeli; uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri;


Kuko yihema ubgiwe, K’ukugabitanya kwiwe kutazomenyekana ngo kwankwe.


Iki si co twakubgira tukiri muri Egiputa, tuti Tureke, dukorere Abanyegiputa? Kukw iciza, kwar’ uko dukorera Abanyegiputa, hāko dupfira mu bugaragwa.


barababarira, bat’ Uhoraho iy’ apfuma atwicira mu gihugu ca Egiputa, tucīteretse inkono z’inyama, tukirya ivyo kurya tugahāga; none mwadukūyeyo mutuzana mur’ ubu bugaragwa kugira ngw iri shengero ryose mutwicishe inzara.


Abantu bahicirwa n’inyota, bidodombera Mose, bati Wadukūriye iki muri Egiputa kutwicisha inyota, twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maze na bo bazomwishura, bati Mwami, twakubonye ryari ushonje, cank’ ufise inyota, cank’ ur’ ingenzi, cank’ ugenda gusa, cank’ urwaye, cank’ uri mw ibohero, ntitwagira ico tugukorera?


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


Maze Samweli ashikīra Sauli; Sauli aramubarira, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho! Ico Uhoraho yambariye nāgishikije.


Nuko rer’ ungirire neza, jewe umusavyi wawe, kuko wansezeraniye isezerano imbere y’Uhoraho. Ariko namba har’ igicumuro mfise, n’unyiyicire ubgawe: n’iki cotuma urinda kunshīra so?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ