31 Maze Yowabu aca arahaguruka aja kwa Abusalomu, aramubaza, ati N’iki catumye abantu bawe banturirira umurima?
Ni kwo kubarira abantu biwe, ati Wa murima wa Yowabu wa sayiri, ubangikanye n’uwanje, mugende muwuturire. Nukw abantu ba Abusalomu baragenda barawuturira.
Abusalomu yishura Yowabu, ati N’uko nagutumyeko ng’uze hano ngutume ku mwami, ukanka; kwar’ ukugira ng’umumbarize icanzanye nkava i Geshuri; ut’ Iciza kwar’ uko yopfumye agumayo: none rero ndagomba kurenguka imbere y’umwami; kandi namba har’ ibigabitanyo mfise, apfume anyica.