2 Samweli 14:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)
30 Ni kwo kubarira abantu biwe, ati Wa murima wa Yowabu wa sayiri, ubangikanye n’uwanje, mugende muwuturire. Nukw abantu ba Abusalomu baragenda barawuturira.
Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona.