Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uheze uje i bgami, ubarire umwami urtya n’urtya. Nuko Yowabu amutegekera ivyo aja kuvuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 14:3
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami aramubaza, at’ Ubg’ ivyo vyose ntiwabibgirijwe na Yowabu? Uwo mugore aramwishura, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, indahiro ni wewe nyene hakagira uwoshobora gucisha i ruhande ico umubajije cose; ni koko umusavyi wawe Yowabu ni we yangeze, jewe incoreke yawe, antegekera ayo majambo yose;


Uwo mugore w’i Tekowa ashikiriye umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira, aramubarira, ati Ntabara, mugenzi.


Ndaheza ndabatuma kuri Ido w’umushingantahe w’ahītwa i Kasifiya, mbabgira ubutumwa bazomubgira bo na bagenzi biwe babawe ibango ry’ibikorwa vy’ urusengero, aho bāba i Kasifiya nyene, ngo baturungikire abo guhēreza mu ngoro y’Imana yacu.


Nawe uzohora umubarira, ushire amajambo mu kanwa kiwe: nanje nzobana n’ akanwa kawe n’akiwe, mbigishe ivyo mukora.


Kandi nshize amajambo yanje mu kanwa kawe, ngutwikirije igitūtu c’ukuboko kwanje, kugira ngo ngaranzure ijuru risha, nshireh’ amatanguriro y’isi nsha, mbarire ab’i Siyoni, nti Mur’ abantu banje.


Nanje ngiri isezerano nsezeranye na bo, ni k’Uhoraho agize: impwemu yanje iri kuri wewe, n’amajambo yanje nshize mu kanwa kawe, ntibizova mu kanwa kawe, canke mu kanwa k’abuzukuru bawe, canke mu kanwa k’abuzukuruza bawe, uhereye none ugashitsa ibihe bidashira, ni k’Uhoraho agize.


Maz’ Uhoraho arāmvura ukuboko ankora ku munwa; Uhoraho arambarira, at’ Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.


Maz’ Uhoraho ashira amajambo mu kanwa ka Balamu, aramubarira, ati Subira kuri Balaki, uvuge urtya n’urtya.


Ati Nzobahagurukiriza ūvugishwa nanje ava mu b’i wabo, ameze nkawe; ati Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamugeze vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ