26 Uk’ umwaka utashe yimosha umushatsi kuko wamuremēra, ni co catuma awimosha. Kand’ iy’ awimosheje yarawugera, ukariba shekeli amajana abiri, yagezwe kuri shekeli y’umwami.
Aburahamu yumvise ivya Efuroni, amugerera ku munzane za feza yaciriye, Abaheti bumva, shekeli amajana ane z’ifeza, kimwe n’izo abadandaza bācurūza.
Maze Abusalomu ahubirana n’ abantu ba Dawidi, kandi yari ku nyumbu yiwe; maz’ iyo nyumbu imucāna musi y’igiti c’umweloni c’inganzamarumpu c’amashami y’ inzitane, umutwe wiwe ufatwa n’ ayo mashami, asigara yenena mu kirēre; inyumbu yagenderako na yo irakomeza iragenda.
Maze mu gishingo c’imbazi hazoba umunūko; mu gishingo c’ikimano c’ubudede hazoba umugozi; mu gishingo c’umushatsi utsivye hazoba inkomvorera; mu gishingo c’impuzu y’igisāga hazoba igunira; n’ibikovukovu mu gishingo c’amarangi.
Kandi ntibakimoshe inkomvorera, canke ngo batereke umushatsi muremure, baze bīkatishe gusa.
Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa.
Akameremere kacu mbega ntikabigisha yuk’ umugabo yotega umushatsi, womutera isoni,