21 Maz’ umwami abarira Yowabu, ati Nuko ndavyemeye; uragenda ugarukane uyo muhungu Abusalomu.
Aramwishura, ati Ndakwinginze mugenzi, undahire Uhoraho Imana yawe, kugira ng’ ūhōra uwishwe ntaz’ aze kwica, bakamarīra n’agahungu nari nsigaranye. Umwami aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe w’umwana wawe kazohara ngo gakorokere hasi.
Maze Yowabu akubita inkoro hasi, yunamira umwami, aramuhezagira; aravuga, ati Jewe umusavyi wawe uyu musi mmenye ko ngutonnyeko, mwami wanje nyen’ ingoma, kuk’ ukoze ico nagusavye.
Umwami arababara cane, ariko kubga za ndahiro ziwe, no kubg’ abāsangira na we, bimunanira kuwumwima.
Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.