Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 14:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 14:2
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Tamari aca ava hasi, arīgīra, yiyambura wa mwitwikiro, yambara imyambaro yiwe y’ubupfakazi.


Maze muka Uriya yumvise k’ umugabo wiwe yapfuye, aramuririra.


Maze Dawidi aca arahaguruka, ava aho yar’ arambaraye hasi, ariyuhagira arirtyorora, yambara iyindi myambaro, araheza aja mu ngoro y’ Uhoraho, arasenga; hanyuma ataha i we; maze yatse ivyo kurya barabimuzanira, arafūngura.


Maz’ umugore w’umunyabgenge wo mur’ ico gisagara ashira ijwi hejuru, aravuga, ati Ni mwumvirize, yemwe ni mwumvirize! Ndabinginze, mumbaririre Yowabu, mut’ Igira hino, ico akubarira.


na Helezi w’i Paluti, na Ira mwene Ikeshi w’i Tekowa;


Yerobowamu abarira umwamikazi wiwe, at’ Enda genda wiyoberanye, kugira ngo woye kumenyekana k’ur’ uwanje, uheze uje i Shilo; ni ho ūvugishwa n’Imana Ahiya aba, umwe yavuga ko nzoba umwami w’aba bantu.


Maz’ Uhoraho abarira Ahiya, at’ Ehe muka Yerobowamu araje kukubaza ivy’ umwana wiwe arwaye; nuk’ umubgire ibi n’ibi; kandi ni yashika, aza kuba yihinduye uwundi.


Bukeye bgaho barazinduka, bafata inzira ngo baje mu bugaragwa bg’i Tekowa; bagitangura kugenda, Yehoshafati ahagarara ngaho, aravuga, ati Ni muntege amatwi, yemwe Bayuda, namwe ababa i Yerusalemu; mwizere Uhoraho Imana yanyu, mubone gushikama; mwizere n’abavugishwa na we, mubone gutsinda.


Hakurikirakw abantu b’i Tekowa, basana ikindi gihimba kirābana n’ uwo munara munini wometseko nyene, bashitsa ku ruzitiro rw’i Ofeli.


Bakurikirwa n’ab’i Tekowa, arikw abapfasoni bo muri bo ntibarushe bemera gukora igikorwa ca Segaba.


Na vino inezereza imitima y’abantu, N’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, Kandi ng’ umutsima uhe imitima y’abantu amagara.


Imyambaro yawe ni yame yera, kand’ umutwe wawe ntuz’ ubure gusīgwa amavuta.


Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.


Ariko weho, ni wisonzesha, wīsīge amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso,


Nuko wiyuhagire, wīsīge, wambare imyambaro yawe, umanuke uje ku mbuga: ariko ntumwiyereke atararangiza kurya no kunywa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ