Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 14:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Umwami aramubaza, at’ Ubg’ ivyo vyose ntiwabibgirijwe na Yowabu? Uwo mugore aramwishura, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, indahiro ni wewe nyene hakagira uwoshobora gucisha i ruhande ico umubajije cose; ni koko umusavyi wawe Yowabu ni we yangeze, jewe incoreke yawe, antegekera ayo majambo yose;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 14:19
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uriya yishura Dawidi, at’ Isandugu y’Imana n’Abisirayeli n’Abayuda ko barāra mu nsago, kandi databuja Yowabu n’ abantu bawe, mugenzi, bakaba bashagaje mu gahinga; none jewe ngende i wanje, nīrīre, nīnywere, ndārane n’umugore wanje? Ndakurahiye, eka ni wewe ndahiro nyene, sinorikora!


Maz’ umwami yishura uwo mugore, ati Ntabara umbarire ico ngira nkubaze cose, ntumpishe. Uwo mugore aramwishura, ati Mbaza mwami wanje nyen’ ingoma.


Uheze uje i bgami, ubarire umwami urtya n’urtya. Nuko Yowabu amutegekera ivyo aja kuvuga.


Non’ iyaba nārikoze nkayoba, umwami ntiyari kubura kuvyumva, nawe ukabintāna.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


arikw arasubira ku mutwe wa Yowabu no ku b’inzu ya se bose; mu nzu ya Yowabu ntihakabure umunyagisokoro, cank’ umunyamibembe, cank’ ūgendera ku kibando, cank’ uwicwa n’inkota, cank’ ūtagira ico ashira ku munwa.


Amaboko yawe kw atar’ aboshwe, Cank’ ibirenge vyawe ngo bibe mu minyororo! Upfuye nk’umuntu aguye mu maboko y’inkozi z’ibibi! Nukw abantu bose bongera kumuririra.


Maze Eliya abarira Elisa, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Beteli. Elisa aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baramanuka baja i Beteli.


Nawe uzohora umubarira, ushire amajambo mu kanwa kiwe: nanje nzobana n’ akanwa kawe n’akiwe, mbigishe ivyo mukora.


Imana guhisha ikintu, n’ icubahiro cayo, Arikw abami bo, guserangura ikintu, ni co cubahiro cabo.


Ntugatambamire i buryo cank’ i bumoso: Ukūre ikirenge cawe mu kibi.


Ngo N’ubemerere bace mu gihugu cawe; ngo Ntibazogira umurima cank’ uruzabibu bacamwo, canke ngo banywe ku mazi yo mu mariba; ngo Bazogumya inzira y’iroro, ngo Ntibazokevya ngo baje i buryo cank’ i bumoso, gushitsa aho bazorangiriza igihugu cawe.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


ntimukikamire i buryo cank’ i bumoso, ngo muve ku kintu na kimwe mu vyo mbageze uyu musi, mukaja kugendanira izindi mana ngo muzisabe.


Nuko rero muze mwitondere ivyo Uhoraho Imana yanyu yababariye; ntimuze mutambamire i buryo cank’ i bumoso.


Mugabo shikama, ushire amanga cane, kugira ngo witondere ivy’ ivyagezwe vyose bivuga, ubishitse, ivyo Mose umusavyi wanje yakugeze; ntuz’ utambamire i buryo cank’ i bumoso, kugira ng’ ugire ukuboko kwiza ah’ uja hose.


Maze Hana aravuga, ati Mwami wanje, indahiro ni wewe nyene, erega ni jewe wa mugore nari mpagaze i ruhande yawe, mwami wanje, nsaba Uhoraho.


Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!


Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.


None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ