18 Maz’ umwami yishura uwo mugore, ati Ntabara umbarire ico ngira nkubaze cose, ntumpishe. Uwo mugore aramwishura, ati Mbaza mwami wanje nyen’ ingoma.
Kandi jewe incoreke yawe ngatako nkiyumvira, nt’ Ijambo ry’umwami wanje nyen’ ingoma rizondemesha; nti Kuk’ umwami ameze nk’umumarayika w’Imana ku vyo gutandukanya ibibi n’ ivyiza. Nuk’ Uhoraho Imana yawe az’ ahorane nawe.
Umwami aramubaza, at’ Ubg’ ivyo vyose ntiwabibgirijwe na Yowabu? Uwo mugore aramwishura, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, indahiro ni wewe nyene hakagira uwoshobora gucisha i ruhande ico umubajije cose; ni koko umusavyi wawe Yowabu ni we yangeze, jewe incoreke yawe, antegekera ayo majambo yose;
Maz’ umwami Zedekiya aratuma, bamuzanira Yeremiya umuvugishwa, bamumusanza imbere mw irebe rya gatatu ryo mu ngoro y’ Uhoraho: maz’ umwami abarira Yeremiya, ati Har’ ico nkubaza: ntugire ico umpisha.
Arikw abaganwa ni baramuka bumvise ko twavuganye, bakaza bakakubarira, bati Twīgānire ivyo wabariye umwami, ntuduhishe, natwe ntitukwica, bati Tubgire n’ivyo umwami yakwishuye: