Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 14:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi jewe incoreke yawe ngatako nkiyumvira, nt’ Ijambo ry’umwami wanje nyen’ ingoma rizondemesha; nti Kuk’ umwami ameze nk’umumarayika w’Imana ku vyo gutandukanya ibibi n’ ivyiza. Nuk’ Uhoraho Imana yawe az’ ahorane nawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 14:17
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami yishura uwo mugore, ati Ntabara umbarire ico ngira nkubaze cose, ntumpishe. Uwo mugore aramwishura, ati Mbaza mwami wanje nyen’ ingoma.


icamuteye kugenza artyo kwar’ ukugira ngw ivyabaye abihindure ukundi. Kandi ga mugenzi, ufise ubgenge nk’ubg’ umumarayika w’ Imana, umenya ibiri mw isi vyose.


Hanyuma aza kukumbesherako, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko rero mugenzi, umeze nk’umumarayika w’ Imana; nuko n’ukore ico ugomba;


kukw abo mu rugo rwa data twese imbere yawe twār’ abo gupfa gusa; uraheza jewe umusavyi wawe unshira mu barīra ku meza yawe. None har’ ikindi novuga ngo ngutakambire ga mugenzi?


Nukw Abisirayeli bose bumvise uk’ umwami yaciye urwo rubanza, baca baramutinya, kuko bābonye k’ubgenge buva ku Mana buri muri we bgo guca imanza.


None rero, jewe umusavyi wawe, n’umpe umutima w’ubgenge, nshobore gucira abantu bawe imanza, mmenye gutandukanya ikibi n’iciza. None ni nde yoshobora gucira imanza iri hanga ryawe rihambaye?


Mbeg’ ururimi rwanje ruri n’ibifutamye? Akanwa kanje ntikazi gutandukanya ikibi?


Inkono yo mu ruganda iteka ifeza, n’umuriro uvugutira izahabu, Umuntu na we agezwa no gushimwa.


Umuntu abgira mugenzi we amagambo y’agahemano Aba amuteze ururiba mu nzira.


Ariko, ivyo kurya bigumye n’ivy’ abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.


Nk’uko twahora twumvira Mose muri vyose, ni ko nawe tuzokwumvira; mugabo rero, Uhoraho Imana yawe az’ abane nawe nk’uko yabana na Mose.


Akishi aramwishura, ati Kubganje ndazi ko war’ untunganiye nk’umumarayika w’ Imana; arikw abagabisha b’Abafilisitiya baravuze, ngo Ntuzojana na bo mu ntambara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ