Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 14:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Erega twese tuzopfa, tumeze nk’amazi asēseka ntayorwe. Mbere n’Imana ntiyiciraho, arikw irondera uburyo kugira ng’ uwaciwe ntaz’ arinde apfa akir’ igicibga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 14:14
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi yishura iyo ntumwa, at’ Uz’ ubarire Yowabu, ut’ Ivyo ntibikubabaze, uti Kukw inkota mu kwica ipfa uwo ihubiyeko; uti None rero shimika, uvyure akanyarigabo mu kurwanya ico gisagara, ukineshe. Ukw abe ari k’umurindisha.


None rero mwami wanje nyen’ ingoma, igitumye nza kukubgira iryo jambo n’ukw abantu banteye ubgoba; incoreke yawe nkavuga nti Hinge nje kwivuganira n’umwami; nti Kumbure umwami yokwemera gukora ico incoreke yiwe imusavye;


Ngo Nukw azotītūza uruvyaro rwa Dawidi, ngw Aruhōye ivyo, ngw Ariko s’ugushitsa ibihe vyose.


Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.


Kuko nzi yuk’ uzonshitsa mu rupfu, Ukanshitsa no mu nzu y’ ihūriro ry’abakiriho bose.


Ivyaremwe vyose vyohonera rimwe, Abantu na bo bagasubira mu mukungugu.


None ntibirushirije kuba ibitabereye kubibarira Īdatinya abaganwa ku kigohe, Ntikunde umutunzi kumurutisha umworo, Kuko bose ar’ igikorwa c’ intoke zayo?


Nsutswe nk’amazi, Amagufa yanje yose aradohotse, Umutima wanje umeze nk’ ishashara, Uyagiye hagati mu mara yanje.


Intege zanje zumye nk’urujo, Ururimi rwanje rufatanye n’ uruhekenyero; Kand’ unshize mu mukungugu w’urupfu.


Ni bakamangane nk’amazi ashēshwe; Bakigenekereza imyampi ibe nk’ibishishibano.


Mbeg’ imbabazi ziwe zagīriyeko rwose ruhebga? Isezerano ryiwe ryapfaniranye gushitsa ibihe vyose?


Amaraso yabo bayavishije impande zose z’i Yerusalemu nk’ūsēsa amazi: Ntihabonetse ūbahamba.


Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.


Uhindura abantu umukungugu, Uvuze, uti Bana b’abantu, musubireyo.


Arik’ uwobigira atavyitumye, ari jewe Imana ntumye amugwa mu maboko, nzokurangira ah’ azohungira.


Ereg’ abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.


Kuk’ Umwami Imana ata ho azota umuntu ruhebga.


Mbega mugira ngo mpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa? ni k’ Umwami Uhoraho abaza; ikimpimbara s’uko yohindukira akava mu ngeso ziwe akabaho?


Ariko ni bātura ibigabitanyo vyabo n’ibigabitanyo vya ba sekuruza, ari vyo bihemu vyabo, bakemera yuko kunyuranya nanje kwabo


Ivyo bisagara bize bibere Abisirayeli ubuhungiro, bo n’umunyamahanga n’inyambukira bari muri bo; kugira ng’ umukoracumu yishe umuntu atabigize ibigirankana, ahungireyo.


bakize uwo mukoracumu, bamukūre mu maboko y’ūmuhōra uwo yishe, bamusubize mu gisagara c’ubuhungiro aho yari yahungiye; az’ abe ari ho aba gushitsa ah’ umuherezi mukuru, yasutswekw amavuta yejejwe yo kumurobanura, azopfira.


kuko yar’ akwiye kuguma mur’ ico gisagara yabamwo c’ubuhungiro gushitsa ah’umuherezi mukuru azopfira. Arik’ umuherezi mukuru amaze gupfa, uwo mukoracumu azobona gusubira i we mw ishamvu yiwe.


Bamutumakw abigishwa babo hamwe n’abantu ba Herode, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kandi k’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’ udatinya ijunja ry’abantu:


Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni,


kukw Imana itarobanura abantu ku cubahiro.


Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana isumba izindi, n’Umwami asumba abandi, n’ Imana ihambaye, n’Inyabushobozi iteye ubgoba, idatinya abantu ku kigohe, itarya ingurire.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ