bakize uwo mukoracumu, bamukūre mu maboko y’ūmuhōra uwo yishe, bamusubize mu gisagara c’ubuhungiro aho yari yahungiye; az’ abe ari ho aba gushitsa ah’ umuherezi mukuru, yasutswekw amavuta yejejwe yo kumurobanura, azopfira.
Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya.