Arongera, ati Mwami ntumpambarire, ntunga nongere mvuge iri rimwe gusa: kumbure hobonekamw’ icumi. Aramwishura, ati Na ho nyene sinokirandura kubg’ abo cumi.
Uwo mugore aramubgira, ati None n’iki caguteye kugira imigabo yo kugirira abantu b’Imana nka ben’ ivyo nyene? Ko vyakwiviriye mu kanwa ga mugenzi, usa n’ūtsinzwe, kuk’ utāgarukanye ca gicibga cawe.
Nuko yigira hafi y’ah’ ari; nya mugore aramubaza, ati Ni wewe Yowabu? Na we at’ Ego me ni jewe. Aramubarira, ati Ni wumve amajambo yanje, jewe incoreke yawe; na we at’ Ego me ndumva.