Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 14:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Aramwishura, ati Ndakwinginze mugenzi, undahire Uhoraho Imana yawe, kugira ng’ ūhōra uwishwe ntaz’ aze kwica, bakamarīra n’agahungu nari nsigaranye. Umwami aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe w’umwana wawe kazohara ngo gakorokere hasi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 14:11
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu yishura umwami w’i Sodomu, ati Narahiye Uhoraho mmanitse ukuboko, ni we Mana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi,


Ni waramuka ugiriye nabi abakobga banje, canke ni wabaharika, umenye yuko, nah’ ata wundi muntu azoba ariho, Imana izoba ari yo cabona hagati ya twe nawe.


Umwami aramwishura, ati Ni hagira ūkuvuga, umunzanire, ntazoba agisubira kugukakaza.


Maz’ uno mugore aramubarira, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, zirikana ico nkubarira, jewe incoreke yawe. Na we ati Nuko mbarira.


Maz’ umwami abarira Yowabu, ati Nuko ndavyemeye; uragenda ugarukane uyo muhungu Abusalomu.


Maze Salomo aravuga, ati Ni yaboneka kw ameze neza, nta n’agashatsi na kamwe kiwe kazohara ngo gakorokere hasi; ariko ni hagira ikibi kimubonekako, azopfa.


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Ūhōra uwishwe az’ abe ari we amwica ubgiwe: aho bazohūrira, amwice.


cank’ akamukubita igipfunsi kubg’ ubgansi, akagwaho; uyo amwishe ntaz’ abure kwicwa: azoba ar’ umwicanyi. Ūhōra uwishwe az’ amwice aho bazohūrira hose.


ūhōra uwishwe akamusanga inyuma y’urugabano rw’ico gisagara abamwo c’ubuhungiro, akamwica, amaraso y’uwo mukoracumu ntazomusubirako;


Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe.


Nuko ndabinginze, ni murābe utwo murya: kukw ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu.


Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.


Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.


Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ