10 Umwami aramwishura, ati Ni hagira ūkuvuga, umunzanire, ntazoba agisubira kugukakaza.
Aramwishura, ati Ndakwinginze mugenzi, undahire Uhoraho Imana yawe, kugira ng’ ūhōra uwishwe ntaz’ aze kwica, bakamarīra n’agahungu nari nsigaranye. Umwami aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe w’umwana wawe kazohara ngo gakorokere hasi.
Uwo mugore w’i Tekowa yishura umwami, at’ Abe ari jewe bizosubira ku mutwe, n’inzu ya data, mwami wanje nyen’ ingoma, ntibize bikujeko cank’ ingoma yawe, mugenzi.
Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.