8 Nuko Tamari aja kwa Amunoni musaza we, asanga aryamye; yābīra igikandu, akibumbabumbamw’ udukāte Amunoni abona, aradukaranga.
Maze Dawidi atuma i muhira kuri Tamari, uti Genda kwa musazāwe Amunoni, umuronderere utwo kurya.
Yābīra ico yakaranzeko, aratumusukira, ariko yanka kurya. Maze Amunoni aravuga, ati Bose ni bataramuke. Nuko barataramuka bose.
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na mushiki we, ar’ uwo basangiye se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
Kandi nya mupfumukazi yar’ afise imasa inuze mu ruhongore; aranyanyasa arayikerera, ahitana ifu, arayicumba ayironderamw’ umutsima utambiwe;