7 Maze Dawidi atuma i muhira kuri Tamari, uti Genda kwa musazāwe Amunoni, umuronderere utwo kurya.
Nuko Amunoni araryama, arirwaza; maz’ umwami aje kurāba ukw ameze, Amunoni aramubgira, ati Ndasavye mundungikire mushikanje Tamari, andonderere udukāte tubiri aho mbona, maz’ abe ari we atumpēreza; ni ho norya.
Nuko Tamari aja kwa Amunoni musaza we, asanga aryamye; yābīra igikandu, akibumbabumbamw’ udukāte Amunoni abona, aradukaranga.
Bukeye Dawidi yiyubakira amazu ku murwa wiwe, atunganya n’ah’ isandugu y’Imana izoba, ayishingira ihema.