36 Akirangiza kuvuga, abana b’ umwami barashika, maze baraturikisha bararira; n’umwami na we nyene n’abantu biwe bose bararira baraboroga.
Maz’ abantu biwe baramubaza, bati Mbeg’ ukoze ibiki? Umwana akiriho ko wisonzesheje ukamuririra, ariko non’ amaze guhwera, uca urahaguruka, urafūngura!
Maze Amunoni aca amwanka urunuka; urwanko yamwanse rwaruse urukundo yamukunda. Aramubgira, ati Hoji va hasi ugende.
Maze Yonadabu abarira umwami, at’ Eh’ abana bawe baraje; nk’uko jewe umusavyi wawe nabivuze, ni ko bibaye.
Ariko Abusalomu we yari yahunze, aja ku mwami w’i Geshuri, Talumayi mwene Amihuri. Kandi Dawidi yamana akabonge k’umwana wiwe imisi yose.
Umwami avyumvise, inkonko irakoroka, yūrira mu cumba cubatswe hejuru kw irembo, arira; akirikw aragenda aravuga, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Es’ umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we!