35 Maze Yonadabu abarira umwami, at’ Eh’ abana bawe baraje; nk’uko jewe umusavyi wawe nabivuze, ni ko bibaye.
Kandi Abusalomu yari yahunze. Maz’ umuhungu yar’ ashibamye, yunamuye amaso, abona haje abantu benshi, baturutse mu nzira iva i Horonayimu ikikamanye umusozi.
Akirangiza kuvuga, abana b’ umwami barashika, maze baraturikisha bararira; n’umwami na we nyene n’abantu biwe bose bararira baraboroga.