33 Nuko none mwami wanje nyen’ ingoma, izo nkuru ureke kuzemera ngo wiyumvire kw abana bawe bose bapfuye, kuko hapfuye Amunoni wenyene.
Kandi Abusalomu yari yahunze. Maz’ umuhungu yar’ ashibamye, yunamuye amaso, abona haje abantu benshi, baturutse mu nzira iva i Horonayimu ikikamanye umusozi.
Abarira umwami, ati Mugenzi, ntumparūrekw ibigabitanyo, canke ngo wibuke ivy’ ubuyobe nakoze, jewe umusavyi wawe, wa musi wava i Yerusalemu, mwami wanje nyen’ ingoma, ng’ unabishirek’ umutima;