30 Bakiri mu nzira, imbitsi ibikira Dawidi ko Abusalomu yishe abana b’umwami bose, ngo Ntihasigaye n’umwe.
Nukw abo basuku ba Abusalomu bagira Amunoni nk’uko Abusalomu yababariye. Maz’ abana b’umwami bose baca barabatagurika, umuntu wese asimbira ku nyumbu yiwe, barahunga.
Maz’ umwami arabaduka, yitantamurirakw impuzu ziwe, arambarara mw ivu; n’ abantu biwe bose bamuhagaze i ruhande na bo bitantamurirakw impuzu zabo.
Amubonye, yitantamurirakw impuzu ziwe, ati Mbonye ibara, mwana wanje! Urambabaje, ungiriye nabi! Kuko navyīkūriye mu kanwa, nkabibarira Uhoraho, none sinshobora kwivuguruza.