Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ariko Amunoni yar’ afise umugenzi bakundana yitwa Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi; kandi Yonadabu uwo yar’ umuntu w’incabgenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 13:3
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?


Mur’ iyo misi Yuda avana n’abo bavukana, aramanuka, asembera ku Munyadulamu yitwa Hira.


Yuda arungikana wa mugenzi wiwe w’Umunyadulamu ya suguru y’impene, kugira ngw acungure za ngwati kuri wa mugore: arikw aramubura.


Amunoni atuntuzwa no kwifuza mushiki we Tamari, biranamurwaza; kuko yar’ inkumi igumije ibanga, Amunoni akamubura uburyo.


Maze Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi, aramubarira, ati Mugenzi, erega ntugire ngo bishe abana bawe bose; Amunoni wenyene ni we yapfuye; kukw ivyo Abusalomu yabigabiye guhēra umusi Amunoni yonona mushiki we Tamari.


Aramubaza, ati Mbega mwana w’umwami, k’ugenda ushira umunywera imisi yose, ntiwombgira icabiguteye? Amunoni aramwishura, ati Nagomwe Tamari mushiki wa Abusalomu mwene data.


Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.


Maz’ acokoye Abisirayeli, Yonatani mwene Shimeyi, umuhungwabo wa Dawidi, aramwica.


Isayi avyara Eliyabu, imfura yiwe, uwa kabiri ni Abinadabu, uwa gatatu ni Shimeya,


Yonatani se wabo wa Dawidi ni we yar’ umujanama, kandi yar’ umuntu w’umunyabgenge, yari n’umukarani; Yehiyeli mwene Hakimoni ni we yarera abana b’ umwami;


Yamara Hamani ariyumanganya, arataha; atuma guhamagara abagenzi, n’umugore wiwe Zereshi.


Nuk’ umugore wiwe Zereshi n’abagenzi biwe bose bamugīra inama, bati Ni bashinge igiti c’intambge mirongwitanu z’ukuboko uciriye mu nkokora, maz’ ejo uz’ usabe umwami atange Moridekayi bakimumanikeko; uheze ubone kwinjirana n’umwami ku giturire unezerewe. Nuko Hamani ashima iyo nama; aca ashingisha ico giti.


Maze yigānira Zereshi umugore wiwe n’abagenzi biwe bose, ivyamubayeko vyose. Nukw abahanuzi biwe na Zereshi umugore wiwe baramubarira, bati Moridekayi uwo, k’utanguye gucurangurizwa imbere yiwe, asangw’ ar’ uwo mu ruvyaro rw’ Abayuda, ntuzomushobora, arik’ uzocurangurizwa imbere yiwe nta kabuza!


Benshi bashemagiza ūtanga isābagire, Kand’ umuntu wese aba umugenzi w’ūkunda kugaba.


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Kuk’ ubgenge bg’iyi si ar’ ubupfu ku Mana. Kuko handitswe, ngw Itegesha abanyabgenge ubugunge bgabo.


Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’ isi, n’ubg’ abantu, n’ubg’ abadayimoni.


Ariko muka Samusoni bamuha umwe wo muri ba bandi bagenzi ba Samusoni, uwo yari yātoye kuba mukuru.


Maze Samweli abaza Isayi, ati Mbeg’ abana bawe bose n’abo? Aramwishura, ati Hasigaye umuhererezi, ariko rer’ ari ku ntama. Nuko Samweli aramubarira, ati Tuma ūja kumuhamagara, kuko tutaribgicare ngo turye ataraza.


Isayi arongera amwereka Shama; na ho nyene Samweli aravuga, at’ Eka n’uyu na we Uhoraho si we yatoranije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ