Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 13:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 13:28
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

anywa vino y’izo nzabibu, araborerwa; impuzu zimuvako ari mw ihema ryiwe.


Maze Dawidi aramurengukisha ngw aze kurya no kunywa ar’ imbere yiwe, aramuboreza; hageze mw ijoro, Uriya aja kuryama ku gisegure ciwe hamwe na ba banyarugo ba shebuja, ariko ntiyamanuka ngw aje i we.


Yandika mur’ ico cete, ati Muherereze Uriya imbere ah’ urugamba rukaze, muheze mwīgire inyuma mumute, kugira ngo bamutere apfe.


None rero, inkota nta ho izova mu rugo rwawe, kuko wankēngereye, ugacūra muka Uriya Umuheti, ukamugira umugore wawe.


Ariko Abusalomu aramuzigitīra, umwami araruha aremera ko Amunoni n’ abandi bana biwe bose bajana na we.


Kandi jewe incoreke yawe nari mfise abana b’ abahungu babiri; bukeye basindira ku gahinga, batagira ūbabanguranya; nuk’ umwe akubita uwundi, agwa bukumbi.


Mu gihe c’amashōka barasokoroka bava mu gisagara ngo barwane. Kand’ ico gihe Beni‐hadadi yarikw aranywa, amaze kuborerwa, bo na ba bami bari batabaye, ukw ari mirongwitatu na babiri, bari mu nsago.


Nuko ku musi ugira indwi umutima w’umwami umaze gukankamurwa na vino, abarira Mehumani na Bizita na Haribona na Bigita na Abaguta na Zetari na Karukasi, abo ukw ar’ indwi bār’ inkone zihēreza uwo mwami Ahasuwerusi,


Na vino inezereza imitima y’abantu, N’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, Kandi ng’ umutsima uhe imitima y’abantu amagara.


Maz’ umwami wa Egiputa ahamagaza abo bākirizi, arababaza, ati N’iki catumye mukora murtyo, mukareka abana b’abahungu?


Amazimano azimanirwa gutera akanyamuneza, kandi vino inezereza umushaha: arikw amahera ni bimari vya vyose.


Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.


Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.


None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.


Bakiriko barījandajandira, haza abanyagisagara b’abanyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura ku rugi, babarira uwo mutāma nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone.


Nuko bompi baca baricara, bararya, baranywa, kugeza se wa nya mugore amubariye, at’ Enda se subira urāre hano, ube urījandajandira.


Uwo mugabo araheza ava hasi ngw agende, bo n’umugore wiwe n’umuntu wiwe; maze sebukwe, se w’uwo mugore, aramubarira, at’ Ehe burije, ndabinginze murāre hano iri joro; rāba bgāhinnye: kīnja hano wījandajandire! Ejo uz’ uhenge mu gatwenzi, wifatire inzira, utahe.


Bowazi amaze kurya no kunywa, ahimvye mu mutima wiwe, aja kuryama i ruhande y’ ikirundo c’umuhure: na we aza asōbōka, yorosora ibirenge vyiwe, araryama.


Nuko Sauli abarira abantu biwe, ati Ni muje kuyāga na Dawidi mu mpisho, mumubarire, mut’ Umve, umwami aragushima, kandi n’ abantu biwe bose baragukunda; muti None rer’ ukwiye kuba umukwe w’umwami.


Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.


Umwami aramwishura, ati Hūmura! Mbarira ico ubonye. Nya mupfumukazi aramwishura, ati Mbonye igisa n’imana kidūga kiva i kuzimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ