26 Maze Abusalomu aramubarira, ati None rero k’utaje, urungike mukurwanje Amunoni, aze tujane. Umwami aramubaza, at’ Ugombera iki ko mujana?
Umwami yishura Abusalomu, at’ Oyaye mwananje, ntitwojana twese, ngo tuje kukurusha. Abusalomu aramugōbēra, ariko yanka kugenda, mugabo aramuhezagira.
Ariko Abusalomu aramuzigitīra, umwami araruha aremera ko Amunoni n’ abandi bana biwe bose bajana na we.
Yowabu abarira Amasa, ati N’amahoro ga ncuti? Yowabu araheza afatisha Amasa ukuboko kw’i buryo ku rusakanwa nk’ ūgira amusome.
Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.
Akanwa kiwe kanyerera nk’ amavuta, Arik’ umutima wiwe warimw’ intambara gusa; Amagambo yiwe yaremba kurusha amavuta ya elayo, Ariko yar’ inkota zisokowe.
Uwankana atuma iminwa yiwe ihendana, Kand’ abīka uburyarya imbere muri we.
None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ehe nzobavugutira, mbagerageze; ikindi nogirira wa mukobga ari bo bantu banje n’iki?