25 Umwami yishura Abusalomu, at’ Oyaye mwananje, ntitwojana twese, ngo tuje kukurusha. Abusalomu aramugōbēra, ariko yanka kugenda, mugabo aramuhezagira.
Aragenda abarira umwami, ati Jewe umusavyi wawe ndafise abankemurira intama; none ndakwinginze mugenzi, mwe n’abantu bawe muze tujane.
Maze Abusalomu aramubarira, ati None rero k’utaje, urungike mukurwanje Amunoni, aze tujane. Umwami aramubaza, at’ Ugombera iki ko mujana?
Maze Yowabu akubita inkoro hasi, yunamira umwami, aramuhezagira; aravuga, ati Jewe umusavyi wawe uyu musi mmenye ko ngutonnyeko, mwami wanje nyen’ ingoma, kuk’ ukoze ico nagusavye.
Shebuja abarira uno mushumba wiwe, ati Genda uje mu nzira z’iroro no mu mihōra, ubagōbēre baze, kugira ngw inzu yanje yuzure.
Baramugōbēra, bati Gumana natwe, kuko bugira bgire kand’ umusi ukuze cane. Arinjira ngw agumane na bo.
Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.
Bowazi araza, avuye i Betelehemu, abgira abagenyi, at’ Uhoraho abane namwe. Na bo baramwishura, bat’ Uhoraho aguhe umugisha.