Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.
Muti Yumvise k’ufise abantu bariko barakemura; muti Kand’ abungere bawe bābāna na bo, nta co bābagiriye nabi, nta co bājimije igihe cose bābaye i Karumeli.