Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 13:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Hashize imyaka ibiri yiramvuriye, Abusalomu arārika abamukemurira intama i Bayali‐hasori, hāri hahereranye n’i Bgefurayimu; maz’ atumira abana b’umwami bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 13:23
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Labani yari yagiye gukemuza intama ziwe; nuko Rakeli yiba ibigirwamana vya se.


Aragenda abarira umwami, ati Jewe umusavyi wawe ndafise abankemurira intama; none ndakwinginze mugenzi, mwe n’abantu bawe muze tujane.


Yabāze inka n’ amashūri y’ibitegetera n’intama vy’isinzi, atumira abana bawe bose mugenzi, na Abiyatari umuherezi na Yowabu umugabisha w’ ingabo; arik’ umusavyi wawe Salomo ntiyamutumiye.


Uyu musi ko yamanutse, akabāga inka n’amashūri y’ibitegetera n’intama vy’isinzi, agatumira abana bawe bose mugenzi, n’abagabisha b’ ingabo, na Abiyatari umuherezi; none bakaba bariko bararya, banywa, bar’ imbere yiwe, bavuga ng’ Umwami Adoniya n’ahangame!


Bukeye Adoniya abāgira intama n’inka n’amashūri y’ibitegetera ku gitandara c’i Zoheleti hahereranye n’i Eni‐rogeli; atumira abana b’umwami bose, ari bo barumuna biwe, n’Abayuda bose bagendanira umwami.


Kandi Mesha umwami w’i Mowabu yar’ umutunzi w’intama; yama ashikanira umwami w’Abisirayeli ubgoya bukemuwe ku bana b’intama ibihumbi ijana, n’ubg’ amapfizi y’intama ibihumbi ijana nyene.


Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.


Hār’ umuntu w’i Mayoni, itunga ryiwe ryar’ i Karumeli; yar’ umutunzi cane, yar’ afise intama ibihumbi bitatu n’impene igihumbi; ico gihe yarikw arakemuriza ubgoya bg’intama ziwe i Karumeli.


Nuko Abigayili asubirayo, asanga Nabali yarondeje amazimano mu nzu yiwe, nk’amazimano y’umwami, asigaye adayangwa kuko yaborewe cane; ni co catumye atagira ico amubarira, ari gito ari kinini, gushitsa bukeye.


Maze Dawidi ari mu bugaragwa yumva ko Nabali arikw arakemuza intama ziwe.


Muti Yumvise k’ufise abantu bariko barakemura; muti Kand’ abungere bawe bābāna na bo, nta co bābagiriye nabi, nta co bājimije igihe cose bābaye i Karumeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ