22 Kandi Abusalomu ntiyaba akigira ico avugana na Amunoni, ari kibi ari ciza, kuko Abusalomu yar’ agiriye Amunoni urwanko, kuko yononye mushiki we Tamari.
Labani na Betuweli baca baramwishura, bat’ Ivyo bivuye k’Uhoraho: nta kindi twoshobora kukubarira ic’ ari co cose.
Mw ijoro, Imana iza kuri Labani Umwaramu mu nzozi, iramubarira, iti Wirinde, ntugire iryo ubarira Yakobo iry’ ari ryo ryose.
Nari kugira ico mbakorako, arikw Imana ya so yambariye mur’ iri joro, iti Wirinde ntugire iryo ubarira Yakobo iry’ ari ryo ryose.
Maz’ umwami Dawidi yumvise ivyo vyose, araraka cane.
Ūpfukapfuka urwanko n’ umunyaminwa y’ibinyoma, Kand’ ūvuga ibirementanyo n’igipfu.
Wītātūre na mugenzawe ubgiwe, Kandi ntumenere ibanga uwundi,
Uwankana atuma iminwa yiwe ihendana, Kand’ abīka uburyarya imbere muri we.
Nah’ inzigo yiwe yokwipfukapfukisha ubugunge, Ukugabitanya kwiwe kuzokwerekanirwa imbere y’ ishengero.
Ntukihutire kuraka mu mutima: kuk’ uburake bgama mu mushaha w’ibipfu.
Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe.
Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse,
Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.
Arik’ uwanka mwene Data wundi ari mu mwiza, kand’ agendera mu mwiza, ntazi iy’ aja, kuk’ umwiza wamuhumishije amaso.
Ūvuga kw ari mu muco, akanka mwene Data wundi, aba akiri mu mwiza na bugingo n’ubu.
Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.
ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.
Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we.