Bene Yakobo bumvise ivyabaye, bava iyo baragiye, barataha: kandi barababara, bararaka cane, kuko yakoze ikizira ku Bisirayeli, ni co kuryamana n’umukobga wa Yakobo, ar’ikidakwiye gukorwa.
Maze Isirayeli akiri mur’ ico gihugu, Reyubeni aragenda asambana na Biluha incoreke ya se: Isirayeli arabimenya. Nukw abahungu ba Yakobo bari cumi na babiri:
Maze Abusalomu musaza we amubonye, aramubaza, at’ Aho ntiwamanye na musazāwe Amunoni? Enda ni wiyihorerere, mwana wa mama; erega kw ari musazāwe, reka kubishirak’ umutima. Nuko Tamari aguma kwa musaza we Abusalomu yifumbereje.