Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 13:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Maze Abusalomu musaza we amubonye, aramubaza, at’ Aho ntiwamanye na musazāwe Amunoni? Enda ni wiyihorerere, mwana wa mama; erega kw ari musazāwe, reka kubishirak’ umutima. Nuko Tamari aguma kwa musaza we Abusalomu yifumbereje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 13:20
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze mwene Hamori Umuhiwi, atwara ico gihugu, yitwa Shekemu, aramubona; aramufata, aramusindira, aryamana na we.


Abo ni bo bamutse ku bo Leya yavyaranye na Yakobo bakir’ i Padan‐aramu, bavyara n’umukobga yitwa Dina: nukw abana biwe bose b’abahungu n’abakobga ni mirongwitatu na batatu.


Maze Tamari yiyorera umunyota mu mutwe, yitantamurirako wa mwambaro wiwe w’amaboko, yiremēka ukuboko, agenda ararira ingenda, aboroga.


Maz’ umwami Dawidi yumvise ivyo vyose, araraka cane.


Maz’ umwami aravuga, ati N’asubire mu rugo rwiwe; ariko ntazonkubita ijisho. Nuko Abusalomu asubira mu rugo rwiwe, ariko nta ho yabonana n’umwami.


Uwankana atuma iminwa yiwe ihendana, Kand’ abīka uburyarya imbere muri we.


Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ