Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 13:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze Tamari yiyorera umunyota mu mutwe, yitantamurirako wa mwambaro wiwe w’amaboko, yiremēka ukuboko, agenda ararira ingenda, aboroga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 13:19
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Reyubeni agaruka kuri rwa rwobe, asanga Yosefu atarimwo; yitantamurirakw impuzu ziwe.


Maze Dawidi afata impuzu ziwe, azītantamurirako, n’abantu bose bari kumwe na we bagira kuno;


ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.


Maze Abusalomu musaza we amubonye, aramubaza, at’ Aho ntiwamanye na musazāwe Amunoni? Enda ni wiyihorerere, mwana wa mama; erega kw ari musazāwe, reka kubishirak’ umutima. Nuko Tamari aguma kwa musaza we Abusalomu yifumbereje.


Nuko Moridekayi amenye ibibaye vyose ivy’ ari vyo, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara igunira, yisūrirakw iminyota, arasohoka aja mu gisagara hagati, aborogesha ijwi rirenga ry’ umubabaro.


Bunamuye amaso bakiri kure ntibaruha bamumenya, baca baraturika bararira; umuntu wese muri bo yitantamurirak’ umutamana wiwe, basūrira umukungugu hejuru y’ imitwe yabo.


Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.


Na ho nyene uzovayo witwaye impungenge; jewe Uhoraho ko nagaye abo wishimiye, nta co bazokumarira.


Yosuwa na we yitantamurirakw impuzu ziwe, yitembagaza imbere y’isandugu y’Uhoraho ashitsa ku mugoroba, bo n’abakuru b’Abisirayeli, bīsūrirakw imikungugu ku mitwe.


Maz’ umuntu wo mu ba Benyamini ava mu rugamba, agenda yiruka, ashika i Shilo uwo musi, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ