17 Maz’ ahamagara umuntu wiwe amusukurira, ati Sohora uyu mukobga amve i ruhande, umwugaranire hanze.
Na we aramwishura, at’ Oyaye si ko, kuko kunyirukana ari bibi kuruta ivyo umaze kungirira. Ariko yanka kwemera.
Kandi yari yambaye umwambaro muremure w’amaboko, kukw abakobga b’umwami bakir’ abigeme ari ko bambara. Nuk’ uwo musuku wiwe aramusohora, aramwugarana.