Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nzokuvyurira ivyago vyanduruka mu rugo rwawe; nzokunyaga abagore bawe ubona, mbahe umubanyi wawe, aryamane na bo ku murango.
Maz’ umwami aragaruka, avuye mu nyubakwa yo ku ngoro, yinjira ha handi hār’ igiturire ca vino: asanga Hamani yikubise ku musegamuro Esiteri yariko. Umwami aravuga, ati Mbeg’ agira ngw afatire n’umwamikazi mu ngoro yanje aho mbona? Iryo jambo rikiva mu kanwa k’umwami, Hamani bamupfuka mu maso.