13 Mbega nanje noheza ngakwirwa hehe n’ibitētērwa? Kandi nawe woba ugotse mu Bisirayeli. Enda se n’ubivugane n’umwami, kukw atokunyima.
Ehe rāba, mfise abigeme babiri, batazi icitwa umugabo; reka ndabasohore aho muri, namwe mubagenze uko mugomba kwose. Arikw abo bagabo mwoye kugira ico mubakorako, kuko bashitse mu nzu yanje.
Kandi koko ni mushikanje: ni mwene data ariko si mwene mama, maze namugize umugore wanje.
baze bamusohokane, bamujane ku muryango w’inzu ya se, abagabo bo mur’ ico gisagara cabo bamwicishe amabuye, kuko yakoze ikizira mu Bisirayeli, agasambanira kwa se: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.
Rāba harih’ umwigeme wanje w’inkumi n’umugore w’uyo mugabo: hinge ndababasohorere, abe ari bo mwonona, mubagenze uko mugomba kwose; arik’ uwo mugabo mwoye kumukorakw ikizira kingana girtyo.