Bene Yakobo bumvise ivyabaye, bava iyo baragiye, barataha: kandi barababara, bararaka cane, kuko yakoze ikizira ku Bisirayeli, ni co kuryamana n’umukobga wa Yakobo, ar’ikidakwiye gukorwa.
baze bamusohokane, bamujane ku muryango w’inzu ya se, abagabo bo mur’ ico gisagara cabo bamwicishe amabuye, kuko yakoze ikizira mu Bisirayeli, agasambanira kwa se: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.