Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 13:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Na we aramwishura, at’ Oyaye, mwana wa data, reka kunyambika ibara, kuko ben’ ivyo bidakwiye gukorwa mu Bisirayeli; reka gukora ikizira nk’ico.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 13:12
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze mwene Hamori Umuhiwi, atwara ico gihugu, yitwa Shekemu, aramubona; aramufata, aramusindira, aryamana na we.


Bene Yakobo bumvise ivyabaye, bava iyo baragiye, barataha: kandi barababara, bararaka cane, kuko yakoze ikizira ku Bisirayeli, ni co kuryamana n’umukobga wa Yakobo, ar’ikidakwiye gukorwa.


Mbona mu mburabgenge, Nitegereza mu basore, Umusore w’igipfamutima,


kuko bākoze ivy’ ubupfu mu Bgisirayeli, bagasambana n’abagore ba bagenzi babo, bakavuga amagambo y’ibinyoma mw izina ryanje, ayo ntābageze; jewe ubganje ndabizi, kandi nd’icabona, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ntihaze hagire uwambika ubusa umukobga wa muka se, basangiye se: uwo ni mushikiwe, ntaz’ amwambike ubusa.


Ntihaze hagire uwambika ubusa mushiki we, ar’ uwo basangiye se canke nyina, ar’ uwo bavukana cank’ ar’ umuzanano: ntihaze hagire ūmwambika ubusa.


Umuntu ni yenda mushiki we, basangiye se canke nyina, bakarābana ubgambure, kizoba ar’ igihemu giteye isoni: baze barandurirwe mu maso y’ab’ ubgoko bgabo: uyo, kw azoba yambitse ubusa mushiki we, azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.


baze bamusohokane, bamujane ku muryango w’inzu ya se, abagabo bo mur’ ico gisagara cabo bamwicishe amabuye, kuko yakoze ikizira mu Bisirayeli, agasambanira kwa se: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


uyo mugabo azoba yasambanye na we az’ ahe se w’uyo mukobga inkwano ya shekeli z’ ifeza mirongwitanu, uyo aheze abe umugore wiwe, kuko yamwononye; az’ arinde apfa atamwirukanye.


Uwo mugabo nyen’ urugo arasohoka, arababarira, ati Sigaho bagenzi banje, ndabinginze, ntimukore icaha kingana girtyo; kuk’ uyu mugabo aje mu nzu yanje: ntimukore ikizira kingana girtyo!


Ndaheza ndamufata, mmuhimbaguramw’ ibihimba, mbirungika mu gihugu cose c’ishamvu y’Abisirayeli, kuko bākoze igiteye isoni c’ubuyobe mu Bisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ