11 Atumuhēreje ngw arye, Amunoni aramucakira, aramubgira, at’ Enda mushikanje, n’uze turyamane.
Hanyuma y’ivyo, inabuja agomwa Yosefu, aramubgira, ati Ngo turyamane.
Maze Amunoni abarira Tamari, ati Nzanira mu mpete utwo warondeye, unyīhēre mbone kurya. Nuko Tamari yābīra utwo dukāte yarondeye, adushīra musaza we Amunoni haruguru mu mpete.
Umuntu akorana ibizira n’ umugore w’umubanyi wiwe; uwundi yononesha ubushakanyi umukazana wiwe; uwundi wo muri wewe afata mushiki we basangiye se.