1 Hanyuma y’ivyo ivyābaye n’ibi: Abusalomu mwene Dawidi yar’ afise mushiki we mwiza w’umunyakaranga, yitwa Tamari. Bukeye Amunoni mwene Dawidi nyene aramugomwa.
Yakobo agomwa Rakeli; yishura Labani, ati Nzogukorera imyaka ndwi, uz’ umpe umwigeme wawe mutoya Rakeli.
Nuko Yakobo akora imyaka ndwi kugira ngw ahabge Rakeli; imuhindukira nk’imisi mikeya, kubg’ urukundo amukunda.
Ahereza umutima kuri Dina mwene Yakobo; akunda uwo mwigeme, amubarira amagambo asosa.
abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.
Maz’ umusi ur’ izina ku mugoroba, Dawidi amaze kwibambura ku kirwa, agendagenda hejuru ku ngoro yiwe; maz’ akiri hano hejuru, aja abona umugore arikw ariyuhagira, kandi yari mwiza ateye igomwe.
Maze Amunoni aca amwanka urunuka; urwanko yamwanse rwaruse urukundo yamukunda. Aramubgira, ati Hoji va hasi ugende.
Amunoni atuntuzwa no kwifuza mushiki we Tamari, biranamurwaza; kuko yar’ inkumi igumije ibanga, Amunoni akamubura uburyo.
Kandi Abusalomu yari yaravyaye abahungu batatu n’umukobga yitwa Tamari; yar’ umukobga mwiza w’umunyakaranga.
Kand’ umwami Salomo yagomwa abanyamahangakazi benshi, udashizemw’ umukobga wa Farawo yar’ asanganywe, ni bo Banyamowabukazi n’Abamonikazi n’Abanyedomukazi n’Abasidonikazi n’Abahetikazi,
uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri; uwa kane ni Adoniya, uwo yavyaye kuri Hagita;
Abo bose bar’ abahungu ba Dawidi, udashizemw’ abo yavyaye ku ncoreke ziwe; kandi bari bafise mushiki wabo Tamari.
Akazuru gusa karahendana, n’ubgiza bgo ku rukoba nta co bumaze, Arik’ umugore yubaha Uhoraho ni we ashimwa.
Ntukifuze ubgiza bgiwe mu mutima wawe, Kandi ntagufatishe kubongeka ingohe ziwe.