Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 12:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 N’iki catumye ukēngēra ijambo ryanje jewe Uhoraho, ugakora ivyo mbona kw ari bibi, ukicisha inkota Uriya Umuheti, ugacūra umugore wiwe ukamugira rwawe, na we Uriya ukamwicisha inkota y’Abamoni?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 12:9
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Dawidi atuma intumwa zo kumuzana, aca arenguka i we, bararyamana, kuko yari yihumanuye avuye mu miziro; hanyuma asubira i muhira.


None rero, inkota nta ho izova mu rugo rwawe, kuko wankēngereye, ugacūra muka Uriya Umuheti, ukamugira umugore wawe.


Uku ni ko Shimeyi yagenda aramutuka, ati Genda, urakagenda, wa mwicanyi we, wa mugesera we!


kuko Dawidi yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ntakikame ngw ace mu kintu na kimwe yamugeze igihe cose yamaze akiriho, ukūye ivyo yakoze ku vya Uriya Umuheti.


Umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Non’ urishe, utak’ ushikīra imyandu? Uheze umubarire, ut’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ngw Ah’ imbga zarigatiye amaraso ya Naboti, ni ho zizorigatira n’ayawe.


Atanga abana biwe kw ibimazi ngo boswe mu muriro mu mwonga wa mwene Hinomu, agapfumuza, agatera amabara, agakoresha uburozi, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


Unkize umwenda w’amaraso y’umuntu, Mana, we Mana y’agakiza kanje; Ni ho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugororoka kwawe.


N’uk’ utanezererwa ibimazi, mba mbigushikaniye: Ntuhimbarwa n’ibimazi vyoshejwe.


Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza.


Washize ivyo twagabitanije imbere yawe, N’ivyaha vyacu vyo mu mpisho wabishize mu muco uva mu nyonga hawe.


Ūgendera mu bugororotsi bgiwe yubaha Uhoraho, Arik’ ūgoramangika inzira ziwe aba amukēngereye.


Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.


maze ni ryakora ibibi mu nyonga zanje, ntiryumvire ijwi ryanje, nuko nanje nzogarwa, ndeke ivyiza nari namaramaje kuzobagirira neza.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abayuda, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bātītūye ivyagezwe vyanje, jewe Uhoraho, ntibitondere amabgirizwa yanje, kand’ ibigirwamana vyabo vy’ibinyoma vyarabajimije, ari vyo ba sekuruza babo nyene bākurikira.


None se n’iki cakubujije kwumvira Uhoraho, ukagurukira ku minyago, ugakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi?


Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.


Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ