Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 12:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 nkwinjiza ingoro ya shobuja, nguha n’abagore biwe ngo bagusegure; kandi nkugabira umuryango wa Isirayeli n’ uwa Yuda; kand’ iyo biba vyarabaye bike, mba narakwongeye n’ibindi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 12:8
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nzokuvyurira ivyago vyanduruka mu rugo rwawe; nzokunyaga abagore bawe ubona, mbahe umubanyi wawe, aryamane na bo ku murango.


Kand’ uwo mutunzi yar’ afise amasinzi y’intama n’inka.


Bukeye abantu b’i Buyuda baraza, bahimikira Dawidi bamusutsekw amavuta, ngw abe umwami w’ umuryango w’Abayuda. Bukeye babarira Dawidi, bat’ Ab’i Yabeshi‐gileyadi ni bo bāhamvye Sauli.


Yamaze imyaka ndwi n’amezi atandatu i Heburoni, aganza Abayuda; i Yerusalemu na ho ahamara imyaka mirongwitatu n’itatu, aganza bose Abisirayeli n’Abayuda.


Kand’ ivyo kuri wewe vyari vyoroshe, Mwami Uhoraho; ariko non’ ugeretsek’ uvuga n’ivy’ inzu yanje jewe umusavyi wawe, vy’igihe kirekire kir’ imbere, unyereka n’uruvyaro ruzokwaruka hanyuma, Mwami Uhoraho.


Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.


Arik’ umwami Salomo yishura nyina, ati N’iki gitumye usabira Adoniya Abishagi w’i Shunemu? Erega n’umusabire n’ingoma, kukw ari mukurwanje! Mber’ uyisabire na Abiyatari umuherezi na Yowabu umwana wa Seruwiya!


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


None se n’iki cakubujije kwumvira Uhoraho, ukagurukira ku minyago, ugakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ