Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nzokuvyurira ivyago vyanduruka mu rugo rwawe; nzokunyaga abagore bawe ubona, mbahe umubanyi wawe, aryamane na bo ku murango.
Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.