Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 12:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maze Natani abarira Dawidi, at’ Ereg’ uwo muntu ni wewe nyene. Uhoraho Imana y’Abisirayeli avuze, ati Ni jewe nakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli, ndagukiza, ngukūra mu maboko ya Sauli;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 12:7
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mugore aramubgira, ati None n’iki caguteye kugira imigabo yo kugirira abantu b’Imana nka ben’ ivyo nyene? Ko vyakwiviriye mu kanwa ga mugenzi, usa n’ūtsinzwe, kuk’ utāgarukanye ca gicibga cawe.


Dawidi yabariye Uhoraho amajambo yo mur’ iyi ndirimbo, umusi Uhoraho yamurokoye, akamukūra mu maboko y’ abansi biwe bose, no mu ya Sauli.


Inkūra mu babisha banje: Mber’ unshira hejuru y’abampagurukira, Unkiza n’umuntu w’ikirara.


Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


Genda ubarire Yerobowamu, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli, agize: ngo Yagukūye mu bandi bantu, agushira hejuru, ngw Akugira segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


Na we aramwishura, at’ Eka si jewe nateje amagorwa Abisirayeli, ariko ni wewe, mwe n’inzu ya so, mwayabateye, kuko mwaretse ivyagezwe vy’Uhoraho, mugakurikira za Bayali.


Ariko ndiko ndacurumba nja hirya no hino, uwo muntu arancika. Maz’ umwami w’ Abisirayeli aramubarira, at’ Urubanza ruragutsinze: kandi ni wewe urwiciriye.


Uwo muvugishwa aramubarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ko warekuye umuntu yar’ atanze ngw apfe, usubiye mu gishingo ciwe, n’abantu bawe basubiye mu gishingo c’abiwe.


Ndagukunda, Uhoraho we, ni wewe nkomezi zanje.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya abarira Zedekiya umwami w’i Buyuda ayo majambo yose ar’ i Yerusalemu,


ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.


Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye.


Maze Samweli abgira Sauli, ati Wakoze ic’ ubupfu; iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho na we yokomeje ubgami bgawe ibihe vyose mu Bisirayeli.


Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Araheza ararirekura, ati Hinge ndarisākize Dawidi, rirume ku nzu. Ariko Dawidi amuzibukira kabiri.


Aravuga, ati Nzomumuha, amubere umutego, agwe ku Bafilisitiya. Ni co catumye Sauli abarira Dawidi ubugira kabiri, at’ Uyu musi ubaye umukwe wanje.


Nuko Dawidi aba mu masenga yo mu bugaragwa, aguma mu mugamba wo mu bugaragwa bg’i Zifu. Sauli akāma amurondera uko bukeye, arikw Imana ntiyamugabura mu maboko yiwe.


Bukeye babarira Sauli yuko Dawidi yagiye i Keyila; Sauli aravuga, at’ Imana imugabuye mu maboko yanje, yitaye mu mutego, ko yagiye mu gisagara cugazwa inzugi n’ibihindizo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ