6 non’ az’ amurihe uwo mwana w’intama kane, kuko yakoze ikintu nk’ico, akaba imburakigongwe.
Mber’ uyu musi mubasubize amatongo yabo, n’imirima yabo y’imizabibu n’imyelayo, n’amazu yabo; mubasubize na ca gice c’ijana c’amahera n’ic’ impeke n’ica vino n’ic’ amavuta ya elayo, ivyo mwābātse kw inyungu.
nyene rwo az’ arihe ico yar’ imaze, ahe nyene yo amahera, umuvyimba ube uwa nyen’ urwobo.
Umuntu ni yiba inka cank’ intama, akayibāga cank’ akayishōra, inka az’ ayirihe zitanu, intama ayirihe zine.
Arikw iy’ afashwe ariha ibihetangabo ndwi; Azokwoza urugo rwiwe rwose.
cank’ ikindi kintu cose yarahiye ibinyoma; az’ akirihe uko kingana, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco: akirihe ina co ku musi nyene azotangakw ikimazi c’impongano.
Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.
Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.