5 Maz’ uburake bga Dawidi buca buziriringira uwo muntu; abarira Natani, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwakoze ivyo yar’ akwiye gupfa;
Hahise amezi nk’atatu, babarira Yuda, bati Tamari umukazana wawe yarasambanye, mber’ afise n’inda. Yuda arababgira, ati Ni mugende mumusohokane, mumute mu muriro.
Bukeye haza umushitsi kwa nya mutunzi, na we yanka gukora mu ntama ziwe canke mu nka, ngw azimane uwo mushitsi amugendeye, arikw ahitana wa mwana w’intama wa nya mworo, ayibāgira umushitsi wiwe.
Umwami abgira uwo mugore, ati Genda, ni witahire; ivyawe ndabitunganya.
Maz’ arahindukira, arabakankamira, at’ Erega ntimuzi umutima wanyu uk’ usa; kuk’ Umwana w’umuntu ataje guhonnya ubugingo bg’abantu, ariko yaje kubukiza.
Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora.
Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.
Erega mwene Isayi agihumeka, nta guhangama kwawe, nta n’ugutsindaza kw’ingoma yawe. Nuko tuma bamunzanire; n’ukuri azopfa nta kabuza!
Eka ivyo wakoze si vyiza! Mbarahiye uguhoraho kw’Uhoraho, mwari mukwiye gupfa, kuko mutāteramiye shobuja, uwo Uhoraho yimikishije amavuta! Noneho ni musuzume icumu ry’ umwami n’umukuza w’amazi vyari haruguru y’umutwe w’umwami kw ari ho bikiri.