2 Samweli 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Ariko nya mworo nta co yar’ afise, atar’ akāgazi k’intama kamwe yari yaraguze, akakarera, kagakura kari kumwe na we n’abana biwe, kakarya ku two kurya twiwe, kakanywera mu gikombe ciwe, kakāma karyama mu gikiriza ciwe, kakamumerera nk’umukobga yivyariye. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Mu bo muvukana canke muri bene nyoko, canke mu bahungu banyu canke mu bakobga banyu, canke mu bagore banyu mupfumbatirana, canke mu bakunzi banyu b’amagara, muri ben’ abo ni hagira uwo yosha muri mwebge mu mpisho, ati Tugende dusabe izindi mana; (kand’ ar’ izo mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza;