28 uti None rero koranya izindi ngabo zisigaye, uze gusagaza imbere y’igisagara, abe ari wewe ugitsinda, uti Yoye kuba ari we agitsinda, bakazohava bakimwitirira.
Araheza atuma intumwa kuri Dawidi, uti Yarwanije i Raba, kandi yafashe igisagara kirimw’ ivomo ryaho;
Nuko Dawidi akoranya ingabo zose, arahaguruka aja i Raba, araharwanya, arahatsinda.
Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.