Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 12:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kandi Yowabu yar’ akirwanya i Raba h’Abamoni; atsinda iboma ryazigama ivomo ryaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 12:26
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwaka utashe, ku gacikamvura, mu gihe abami bākunda kuja mu ntambara, Dawidi agomora Yowabu n’abantu biwe n’Abisirayeli bose, bageseza Abamoni, baziguza n’i Raba. Ariko Dawidi ubgiwe yisigarira i Yerusalemu.


Maze Dawidi yishura iyo ntumwa, at’ Uz’ ubarire Yowabu, ut’ Ivyo ntibikubabaze, uti Kukw inkota mu kwica ipfa uwo ihubiyeko; uti None rero shimika, uvyure akanyarigabo mu kurwanya ico gisagara, ukineshe. Ukw abe ari k’umurindisha.


atuma ūvugishwa na we Natani kumwita Yedidiya; agenza artyo nk’uk’ Uhoraho yamubariye.


Araheza atuma intumwa kuri Dawidi, uti Yarwanije i Raba, kandi yafashe igisagara kirimw’ ivomo ryaho;


Nuko Dawidi ashitse i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi w’i Raba mu Bamoni, na Makiri mwene Amiyeli w’i Lo‐debari, na Baruzilayi Umunyagileyadi w’i Rogelimu,


Ni nde azonshikana mu gisagara kizitijwe ibikomeye? Ni nde azonshikana muri Edomu?


Kand’ ahitwa i Raba nzohahindura ibirāro vy’ingamiya, n’igihugu c’Abamoni kibe ubugaramango bg’imikuku: nuko muzomenya yuko jewe nd’Uhoraho.


(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ