24 Maze Dawidi yirura umugore wiwe Batisheba, yinjira iy’ ari, aramurārira; hanyuma avyara umwana w’umuhungu, amwita Salomo. Uhoraho aramukunda,
atuma ūvugishwa na we Natani kumwita Yedidiya; agenza artyo nk’uk’ Uhoraho yamubariye.
Aya ni yo mazina y’abo yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa na Shobabu na Natani na Salomo,
Uti Kand’ imisi yawe ni yashika, ugahamvya ba sogokuruza, ut’ Azokwimika umwana wawe wivyariye, agusubirire mu gishingo, uti Kand’ azokomeza ingoma yiwe.
Ariko Natani uwavugishwa n’Imana, na Benaya, na ba bahizi, na Salomo mwene se, bo ntiyabatumira.
Maze Natani abaza Batisheba nyina wa Salomo, at’ Ubgo ntiwumvise ko Adoniya umwana wa Hagita yiyimitse, kandi databuja Dawidi ata co azi?
Maz’ umwami Dawidi abarira ikoraniro ryose, at’ Umuhungu wanje Salomo, ari we nyene Imana yatoranije, aracari muto, ntarakura, na co igikorwa ari kinini; kukw iyo ngoro itazoba iy’ abantu, arikw izoba iy’ Uhoraho Imana.
Aba ni bo yavyariye i Yerusalemu: Shimeya na Shobabu na Natani na Salomo, abo ukw ari bane yabavyaye kuri Batishuwa umukobga wa Amiyeli;
Mbega Salomo umwami w’ Abisirayeli, we ntiyacumujwe n’ abagore nk’uko nyene? Kandi nta mwami yar’ ahwanye na we yaribgaboneke mu mahanga yose, yakundwa rwose n’Imana yiwe, iramwimika imugira umwami w’ Abisirayeli bose; ariko na we nyene yacumujwe n’abagore b’ abanyamahangakazi nk’ukundi uko.
Kuko nanje nabereye data umwana nya mwana, Nabungabungwa ndi nk’ikinege mu maso ya mama.
Isayi yavyaye umwami Dawidi. Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya,
Aba Benyamini abavugako, Ati N’umutoni w’Uhoraho, kand’ azobana na we amahoro; Yama amukingiriye bukarinda bgīra, Aba mu bitugu vyiwe.