22 Arabishura, ati Nka ko, umwana akiriho narisonzesheje ndarira, nti Sinzi, kumbure Uhoraho yongirira imbabazi, umwana agakira.
Maz’ abantu biwe baramubaza, bati Mbeg’ ukoze ibiki? Umwana akiriho ko wisonzesheje ukamuririra, ariko non’ amaze guhwera, uca urahaguruka, urafūngura!
ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.
riti Genda ubarire Hezekiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Ehe ku misi yawe yongeyekw imyaka cumi n’itanu.
Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.
Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.
Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.
Nuk’ umukuru w’ubgato aja ah’ ari, aramubaza, ati Wabaye ute ga wa gikazatiro we? Vyuka wambaze Imana yawe; kumbure Imana yodusubizak’ umutima, ntidupfe.