21 Maz’ abantu biwe baramubaza, bati Mbeg’ ukoze ibiki? Umwana akiriho ko wisonzesheje ukamuririra, ariko non’ amaze guhwera, uca urahaguruka, urafūngura!
Maze Dawidi aca arahaguruka, ava aho yar’ arambaraye hasi, ariyuhagira arirtyorora, yambara iyindi myambaro, araheza aja mu ngoro y’ Uhoraho, arasenga; hanyuma ataha i we; maze yatse ivyo kurya barabimuzanira, arafūngura.
Arabishura, ati Nka ko, umwana akiriho narisonzesheje ndarira, nti Sinzi, kumbure Uhoraho yongirira imbabazi, umwana agakira.
ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.
Arik’ umuntu w’impwemu asesa vyose, kand’ ubgiwe nta wumusesa.