Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 12:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Maze Dawidi aca arahaguruka, ava aho yar’ arambaraye hasi, ariyuhagira arirtyorora, yambara iyindi myambaro, araheza aja mu ngoro y’ Uhoraho, arasenga; hanyuma ataha i we; maze yatse ivyo kurya barabimuzanira, arafūngura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 12:20
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi abonye kw abantu biwe bongorerana, amenyera aho k’ umwana apfuye; abaza abo bantu biwe, ati Mbeg’ umwana aracīkānye? Bat’ Aracīkānye.


Maz’ abantu biwe baramubaza, bati Mbeg’ ukoze ibiki? Umwana akiriho ko wisonzesheje ukamuririra, ariko non’ amaze guhwera, uca urahaguruka, urafūngura!


Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.


Na Mefibosheti umwuzukuru wa Sauli aramanuka, aza gusanganira umwami; uhereye umusi umwami yagīriye, ugashitsa umusi yagarukiye i we amahoro, ntiyongeye kwiyoga ibirenge, canke ngw aringanize ubganwa, canke ngw amesure impuzu.


Nuko binjiza iyo sandugu y’Uhoraho, bayishira aho yagerewe hagati mw ihema Dawidi yari yarayishingiye. Dawidi araheza atangira imbere y’Uhoraho ibimazi vyoswa n’ivy’ ishimwe.


Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, ati Mwami Uhoraho, mbega jewe n’inda n’indesho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?


Maze Yobu ava hasi, yitantamurirak’ umutamana wiwe yimosha inkomvorera, yikubita hasi, arasenga,


Arikw aramwishura, at’ Uvuze nk’umwe wo mu bagore b’ibipfapfa. Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo? Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.


Mutima wanje, himbaza Uhoraho: Namwe ibimbamwo vyose, muhimbaze izina ryiwe ryera.


Uhoraho yuzuye imbabazi, n’umunyabuntu, Ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi;


Naracereje, sinateranura akanwa, Kukw ari wewe wabikoze.


Ni muze tumusenge twunamye, Dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu,


Ntukiyite umunyabgenge wewe ubgawe; Utinye Uhoraho, uve mu bibi:


Imyambaro yawe ni yame yera, kand’ umutwe wawe ntuz’ ubure gusīgwa amavuta.


Ariko weho, ni wisonzesha, wīsīge amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso,


Ntiwansutse amavuta ku mutwe: arik’ uyu ansīze amavuta atāmirana ku birenge.


Nuko wiyuhagire, wīsīge, wambare imyambaro yawe, umanuke uje ku mbuga: ariko ntumwiyereke atararangiza kurya no kunywa.


None rero ndakwinginze, mparira icaha canje; uze dusubiraneyo, kugira ngo nsenge Uhoraho.


Nuko Samweli arahindukira, akurikira Sauli; Sauli asenga Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ