17 Abantu bakuru bo mu rugo rwiwe babibonye bamuhagarara i ruhande, ngo bamuvyure ave hasi, aranka, yanka no kuja aho bari ngw afūngure.
Aburahamu abarira umubgiriza wiwe, umukuru wo mu rugo rwiwe, yabgiriza ivyo yar’ afise vyose, at’ Enda n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje,
Abahungu biwe bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa; ati Nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu nkirira. Nuko se amuririra artyo.
Maze ku musi ugira indwi uwo mwana arapfa; abantu ba Dawidi batinya kumubgira k’umwana acīkānye; bati Mbega ko twamuhanūye umwana akiriho, akanka kutwumvira, none biracura iki, ni twamubgira k’umwana acīkānye? Ubgo ntaca yiyahura?
Hanyuma abantu bose baza kwinginga Dawidi ngw afūngure hakiri ku murango; ariko Dawidi ararahira, aravuga, ati Ni nagira ico ntamira izuba ritararenga, Imana iz’ ibimpanire, mbere birushirije!
Umutima wanje ukubiswe nk’ ubgatsi, urakabiranye: Kuko nibagira kurya igisa canje.
Nuk’ umwami asubira mu ngoro yiwe, akesha ijoro adafūnguye, ata n’ivyo kumunezereza bamuzanira; ntiyaruha agoheka.
Aranka, at’ Eka singomba kurya. Arikw abantu biwe bo na nya mupfumukazi baramugōbēra, arabemerera, ava hasi, yicara ku buriri.