Hanyuma Uhoraho atēza umwami imibembe, arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo, agacira abantu bo mu gihugu imanza.
Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.
Arongera aravuga, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubgiwe ni we azomwiyicira; cank’ umusi wiwe wo gupfa uzoshika; cank’ azomanuka aje mu ntambara, ayigwemwo.