14 Ariko kuko wahaye abansi b’Uhoraho urwitwazo rukomeye rwo kumurogotako kubg’ ico wakoze, wa mwana wavyara ntakabuza azopfa.
Natani araheza yitahira i we. Hanyuma Uhoraho atēza indwara wa mwana muka Uriya yavyarana na Dawidi, agera kure.
Ndongera ndavuga, nt’ Ivyo mukora si vyiza. Mbeg’ ibikwiye s’uko mugenda mwubaha Imana yacu, ntimwitukishe mu bansi bacu b’abanyamahanga?
Mwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, abakurorereye ntibaze bamāramāzwe kubganje: Mana y’Abisirayeli, abakurondera ntibaze batēterezwe kubganje.
Mana, umurwanizi azogeza hehe kudutuka? Mbeg’ umwansi azorogota kw izina ryawe ibihe vyose?
Ewe Uhoraho, hahirwa umuntu uhana, Ukamwigishisha ivyagezwe vyawe;
Uhoraho, Mana yacu, wahora ubishura: War’ Imana ibaharira, Naho wabahōra ivyo bakora.
None rero nkora iki hano? ni k’ Uhoraho agize; kw abantu banje bānyazwe ku busa! Ababaganza barayogora, ni k’Uhoraho agize, kandi bīriza umusi batuka izina ryanje.
ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.
Isi izobona ibara kubg’ ibitsitaza, kukw ivyo bitsitaza bitazobura kuza, arik’ uyo muntu azana igitsitaza azobona ibara.
Izina ry’Imana muritukisha mu mahanga, nk’uko vyanditswe.
Arikw iyo dutsinzwe n’urubanza duhanwa n’Umwami, kugira ngo ntituze dutsindwe n’urubanza rudashira hamwe n’ab’ isi.
Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we akāngīra, Kand’ aramagura uwo yemera wese kw ar’ umwana wiwe.
Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.